Uko wahagera

Nta Ngenzi Izokwemererwa Kwinjira muri USA Idacandazwe Corona


Ikibuga c'indege ca "Washington Dulles International Airport in Dulles" kiri muri Reta ya Virginiya
Ikibuga c'indege ca "Washington Dulles International Airport in Dulles" kiri muri Reta ya Virginiya

Guhera ku wa mbere w’indwi iza, ingenzi zizokwinjira muri Amerika zizobanza kwerekana ko ziteje urucanco rukingira virusi ya Corona. Ino ngingo ije ikuraho iyari yarafashwe haraheze umwaka n’inusu, yabuza abanyagihugu bakomoka mu bihugu birimwo Brezile, Ubuhindi na Afurika y’Epfo kwinjira ku butaka bwayo bivuye ku kiza ca virusi ya Corona.

Amerika isigura ko ingingo nshasha ifashwe mu ntumbero yo gusubira kuraba ko ingendo ku butaka bwayo zosubira kuba nka mbere, ariko hashizwe imbere ukwikingira umugera wa Corona. Abanyagihugu bose bazokwinjira muri Amerika bazobanza kwerekana ko baronkejwe doze zose za Covid-19, bongere batange igipimo cemeza ko ata bwandu bw’iyo virusi bafise. Ico gipimo kizobwirizwa kuba cafashwe mu kiringo kitarenze amasaha 72.

Mu bategwa n’iyi ngingo harimwo abanyagihugu bava mu bihugu bigera kuri 50 bimaze gucandaga ibice biri musi ya 10% vy’abanyagihugu bavyo biturutse ku bukene bw’incanco. Naho biri uko, ino ngingo itomora ko abemerewe kwinjira muri Amerika bavuye muri ivyo bihugu ata rucanco bafise, bategerezwa kubanza kuronswa uruhusha na Reta y’Amerika, kandi bakerekana ko bataje gutembera bisanzwe canke mu ngendo z’ubuzi bujanye n’ivy'ubudandaji.

Abandi ino ngingo itaraba ni abana bafise munsi y’imyaka 18. Naho biri uko, abadashikana iyo myaka babwirizwa kwerekana ko ata bwandu bwa Corona bafise imbere yo kwemererwa kwinjira indege zibazana muri Amerika. Abana bafise imyaka 2 n’abari musi y’iyo myaka bo nta gipimo ca Corona basabwa.

Zimwe mu mvo Amerika izokwihanganira ku batacandazwe zirimwo izo kwivuza n’izubutabazi. Ikigo kijejwe gukinga Ibiza muri Amerika, CDC, ni co kizoza kiratanga impusha nk’izo. Sosiyete z’indege zitazokubahiriza iyi ngingo nshasha yo gukinga ubwandu bwa Virusi ya Corona, zizohanishwa amafaranga agera ku madorali ibihumbi 35 ku muntu bemeye kwinjiza mu ndege ata candazwe.

Incanco Amerika izokwemera nazo ni: Pfizer, Moderna, Johnson & Johnson, AstraZeneca na Sinovac. Mu ziri kw’isoko Amerika itemera ni urucanco rwa Sputnik V rwakozwe n’Uburusiya. Uru rucanco naho rwemewe mu bihugu 70, ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko rikiriko rirukorako amatohoza.

Iyindi ngingo Amerika yafashe, ni iyo gusubira kugurura imipaka ya Canada na Mexique ku bicandagishije bakora ingendo baciye mu nzira z’amabarabara.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG