Ico ibihugu vyompi vyamagana ni ubutumwa bwashizwe kuri Twitter n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Zhao Lijian, bwerekana isanamu iteye ubwoba itari iy’ukuri y’umusirikare wa Ostraliya ariko amwenyura afatiye imbugita yuzuye amaraso kw’izosi ry’umwana.
Iyo sanamu isa n’iyerekana uwo musirikare ariko akata izosi ry’uwo mwana
Umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle Zelande, Jacinda Arden, yatangaje uno musi ku wa kabiri ko igihugu ciwe cashikirije impungenge zaco abategetsi b’Ubushinwa.
Avuga ko isanamu yashizwe ku rubuga Twitter idafatiye ku vyabaye, ko kubera izo mvo bidakwiriye ko ishirwa kuri urwo rubuga.
Ubushinwa ntibwakuye iyo sanamu ku rubuga Twitter canke ngo busabe imbabazi.
Ibinebaguro vy’umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle Zelande ntibikomeye nk’ivy’igihugu ca Ostraliya. Abakwirikirana ibintu bavuga ko atashatse gukoresha amajambo akomeye kubera adashaka kwiteranya n’Ubushinwa, igihugu gifitaniye imigenderanire ikomeye cane n’igihugu ciwe mu vyerekeye ubudandaji.
Umushikiranganji wa mbere wa Ostraliya, Scott Morrison, yatangaje ku musi wa mbere ko isanamu Ubushinwa
bwashize kuri Twitter igayitse cane. Yasavye reta y’ico gihugu gusaba ikigongwe.
Ubutumwa n’isanamau ubushinwa bwashize ku rubuga Twitter bwari bwerekeye ivyagirizo ku mabi akorwa n’abasirikare ba Ostraliya muri Afuganistani.
Iyo bizotosekaza kurushiriza imigenderanire yari isanzwe imeze nabi hagati ya Ostraliya n’Ubushinwa.
Facebook Forum