Igitero c'iterabwoba cahitanye abantu 4 mu gisagara ca Maiduguri muri Reta ya Borno iri mu buseruko bw’igihugu ca Nijeriya.
Ababa muri ico gisagara bariko bitegurira guhimbaza umusi mukuru w’abayislamu wa Eid al-Aldha ejo ku musi wa kane, mu gihe ico gitero cabaga abantu 4 barahasiga ubuzima, naho abandi 3 barakomereka. Ntawaciyitiriye.
Yamara abategetsi bavuga ko ico ari igikorwa c’abagira iterabwoba bashaka guhungabanya umusi mukuru wa Eid al-Aldha uno musi ku wa gatanu.
Amasaha 24 imbere y’ico gitero, imodoka ziherekeje bulamatari wa Reta ya Borno, Babagana Zulum, zaratewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bikomakomeye.
N’ubwo ntaco yabaye muri ico gitero, ukurasana kwakwirikiye kwakomerekeje abantu 15. Intagondwa z’abayislamu ziragira kenshi ibitero mu gisagara ca Maiduguri, kiri muri Reta ya Borno. Iyo reta ni ho umurwi Boko Haram, washinzwe mu mwaka w’2009, watse indaro.
Facebook Forum