Abanyeshule barenga 300 bari banyurujwe mu ndwi iheze mu gitero cakozwe kw’ishule bigako. Bashitse ku murwa mukuru wa Reta ya Katsina mu birori vy’uguhimbaza irekurwa ryabo.
Abo bana banyurujwe mw’ijoro ryo kw’italiki 11 y’ukwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka kw’ishule ya reta yigako abahungu bonyene mu mujyi wa Kankara muri Reta ya Katsina iri mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.
Abo benyeshule bashitse ku murwa mukuru wa Reta ya Katsina uno musi ku wa gatanu, bakirwa na bulamatari Aminu Bello Masari. Vyibonekeza ko benshi muri abo bana bari barushe bari bacambaye impuzu zabo z’ishule, bamwe bifutse uburengeti
Bulamatari Masari yari yatangaje irekurwa ry’abo banyeshule 344 ku musi wa kane. Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyemerika, “Associated Press”, ko ata ngwati yarishwe kugira barekurwe, kandi ko bazosuzumwa n’abaganga imbere yuko basubirana n’imiryango yabo.
Facebook Forum