Uko wahagera

Museveni Avuga ko Amatora ya Uganda Ashobora Kwegezwa Inyuma


Perezida w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni avuga ko ari nka hamwe igihe c'amatora cogera hakivugwa virusi ya Corona mu gihugu ciwe amatora yo mu mwaka uza azokwegezwa inyuma.

Mu kiganiro yagiranye na televiziyo NBS ikorera muri Uganda, Museveni yasiguye ko ayo matora atunganijwe muri Corona vyoba ari nko "Gusara". Nta tariki nyezina ya ryari amatora yo mu 2021 muri Uganda azoba irashingwa. Gusa akunze kuba mu kwezi kwa kabiri.

Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1986, ntaratangaza niba azosubira kwitoza. Ico bikoze, umugambwe wiwe , “National Resistance Movement”, NRM, uza waramusavye kuzowubera umukandida.

Abamaze kwandura umugera wa Corona muri Uganda barenga 120. Haheze imisi mikeyi ico gihugu gitanguye kworosha ingingo y’ukuziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG