Uko wahagera

Mali Yirukanye Ambasaderi w'Ubufaransa Kubera Amajambo ya Le Drian


Jean-Yves Le Drian, umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubufaransa n'ayandi makungu. Le Drian no we yavuze amajambo yashavuje Mali
Jean-Yves Le Drian, umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubufaransa n'ayandi makungu. Le Drian no we yavuze amajambo yashavuje Mali

Abategetsi ba Mali bahaye ambasaderi w'Ubufaransa muri ico gihugu amasaha 72 kugira abe yavuye muri ico gihugu ku vyo abategetsi b'Ubufransa bavuze kuri reta mfatakibanza.

Ni mw’itangazo ryaciye kuri televiziyo y’igihugu. Reta ya Mali yamutumyeko iramumenyesha kubera amajambo ayityoza umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubufaransa, Jen-Yves Le Drian, yatangaje ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Jean-Yves Le Drian yatangaje ko abategetsi b’abasirikare bayoboye igihugu ca Mali barenze ihaniro. Ni mu gihe icuka kibi hagati y’ico gihugu n’ibihugu bikorana vy’i Bulaya gitera ciyongera ku vyerekeye gukorana hagati y’izo mpande zibiri n’ivyerekeye amatora muri ico gihugu.

Yongeye avuga ko abo bategetsi b’abasirikare batemewe. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufaransa, Florence Parly, yatangaje ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye ko inteko z’Ubufaransa zitazoguma muri Mali hamwe inkurikizi zavyo zoba ari mbi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG