Uko wahagera

Malawi Yaturiye Incandago za AstraZeneca 20,000 Zataye Igihe


Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu muri Malawi Khumbize Chiponda ariko araturira incandago za AstraZeneca
Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu muri Malawi Khumbize Chiponda ariko araturira incandago za AstraZeneca

Reta ya Malawi yatuririye izo ncandago ku bitaro Kamuzu Central Hospital ku murwa mukuru wa Malawi, Lilongwe mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.

Zari zasigaye ku ncandago 102 000 zashitse muri Malawi kw’italiki 26 z’ukwezi kwa gatatu zishigaje imisi 18 ngo zite igihe. Ni ukuvuga kw’italiki 13 y’ukwezi kwa kane nk’uko bitangazwa n’umunyamabanga ajejwe amagara y’abantu, Charles Mwansambo.

Izindi ncandago zose zari zarungitswe zitanzwe n’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika zarahawe abanyagihugu.

Ingingo ya Reta ya Malawi yo guturira incandago 20,000 zataye igihe yihojeje akamo katewe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS n’ikigo kijejwe kurwanya n’ukwirinda indwara mu karere ka Afrika, CDC.

Mu kwezi guheze, ayo mashirahamwe yasavye ibihugu vyo muri Afrika kutajugunya incandago za Covid-19 zarenze igihe, akaba yari yavuze ko zigishobora gukoreshwa.

Yamara umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Malawi, Joshua Malango avuga ko reta yiwe yamenye ibijanye n’ako kamo imaze gufata iyo ngingo.

Gushika ubu, incandago 212,615 ziramaze gutangwa muri Malawi. Muri iki gihe ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 biriko biragabanuka muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG