Uko wahagera

Madamu wa Prezida Moise Aheruka Kwicwa Yipfuza Gutwara Haiti


Martine Jovenel, Umutambukanyi w'uwahoze ari Prezida wa Haiti Moise Jovenel
Martine Jovenel, Umutambukanyi w'uwahoze ari Prezida wa Haiti Moise Jovenel

Umutambukanyi wa Prezida wa Haiti Moise Jovenel aheruka kugandagurwa n’abitwaje ibirwanisho bamusanze ku muhana iwe, yemeza ko yumvirizanye agahinda kenshi, abicanyi igihe cose bamaze basambagura inzu yabo, igihe baza kwica umugabo wiwe.

Martine Moise mu kiganiro ca mbere yahaye abamenyeshamakuru, yabwiye ikinyamakuru The New York Times ko bari baryamye, hama baza kuvyurwa n’urwamo rw’amasasu. Nyakwigendera Prezida Moise yarahamagaye abajejwe kumucungera umutekano ngo bamutabare nkuko madamu wiwe avyemeza, ariko bidatevye abakoze iryo bara babasanga mu buriri bwabo babamijagiramwo amasasu. Yabandanije avuga ko nawe hageze igihe abura impwemu kuko umunwa wiwe wari wuzuye amaraso.

Yabandanije asigura ko abishe umugabo wiwe imbere yo gusohoka babanje gusuzuma ko nawe bamugandaguye, ariko bavyihendako kuko yari agihema. Yagize ati: "Igihe bagenda bari bazi ko nanje kaciye”. Umutambukanyi wa nyakwigendera yemeje amakuru y’uko abishe umugabo wiwe bavuga iki espanyore agira ati: “ Bari bafise umuntu baja baravugana kuri terefone igihe cose bamaze bakora iryo bara, sinzi ico batoye ariko binjiye aho umugabo wanje abika amwe mu madosiye yiwe, hama bakuramwo bimwe mu vyo bahasanze”

Muri ico kiganiro umupfakazi wa Nyakwigendera Prezida Moise yemeje ko umucance wiwe yishwe na bamwe mu bategetsi bo hejuru bafatikanije n’abanyamafaranga bafise ijambo muri Politike ya Haiti, yongera ashimangira avuga ko yipfuza ko abishe umugabo wiwe nawe bagahakwa kumwambura ubuzima bomenya ko ataco atinya, kandi azoharanira, akaba aniteguye n’umutima wiwe wose kuba Prezida wa Haiti.

Yasavye ko abambuye ubuzima umugabo bofatwa, atari uko agasanga bazoguma bakora ububisha ku ba Prezida bose bazofata ubutegetsi bwa Haiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG