Uko wahagera

Leta y'Uburundi Yagabishije Abakora Urudandazwa rw'Abantu


Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'umutekano
Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'umutekano

Igipolisi c'Uburundi caraye cerekanye abakenyezi n'abigeme 89 bari baroye kugurishwa mu bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu. Bose bafatiwe muri Kenya bari mu nzira baganayo. Igipolisi kigabisha abantu bose bafise uruhara muri runo rucuruzwa na cane cane abapolisi n'abandi bakozi ba Reta ko bagiye gukurikiranwa bagashengezwa.

Ishirahamwe "ONLCT OU EST TON FRERE" rimenyesha ko Abarundi n'Abarundikazi barenga 1000 bajanywe nk'inyagano kuva muri 2018. Risaba Reta gushiraho amategeko n'amasezerano hagati y'Uburundi n'ibihugu bijamwo abavukagihugu babwo kugira bagende hisunzwe amategeko mpuzamakungu yo guhanahana abakozi.

Igipolisi kimenyesha ko aba bakenyezi n’abigeme bafashwe inyuma yaho kuwa 25 ukwezi gushize gihagarikiye umugabo muri zone Kinama mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Uwo mugabo igipolisi cemeza ko yiyita umunyamakuru wa kimwe mu binyamakuru bikorera ku mbuga nkoranyambaga yafatanywe impapuro z’inzira za magendu z’abantu bashaka kuja mu bihugu vyo mu kigobe c’Abarabu. Mu nyuma igipolisi carafashe izindi mpapuro kimaze gusaka mu mazu y’abantu yareze bakorana nawe.

Umusi umwe inyuma yaho inzego zijejwe abinjira n’abasohoka muri Kenya zaciye zihereza Uburundi abakenyezi 89 bari baroye kugurishwa baciye muri ico gihugu benshi buriramwo canke banyuzwamwo. Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye asigura ko amatohoza agiye gukorwa kugira abafise uruhara muri uru rucuruzwa rutemewe batabwe muri yompi.

Nkurikiye avugira polisi y’Uburundi abona ko abakora uru rucuruzwa rw’abantu baharabika ishusho y’igihugu.
Ico ceyi na Prime Mbarubukeye atwara ishirahamwe “ONLCT OU EST TON FRERE”rigwanya urudandazwa rw’abantu aracemeza agasigura ko kuva muri 2018 Abarundi n’Abarudikazi barenga 1000 bamaze kujanwa nk’inyagano mu bihugu vy’Abarabu.

Umuvugizi w’igipolisi agabisha uwo wese afise uruhara muri runo rucuruzwa, igihagararo cose afise kwigarura ataribonerako.
Mu ntango z’iyi ndwi, umupolisi akorera ku mupaka w’Uburundi n’u Rwanda mu buraruko yafatiwe ku kibuga c’ndege mpuzamahanga ca Bujumbura aherekeje abakenyezi batatu bari baroye mu kigobe c’Abarabu.

Abarundi n’Abarundikazi bagurishwa ahanini bajanwa mu bihugu vy’Abarabu nka Omani, Arabiya Saudite, Koweiti, Katar n’ibindi nk’uko amatohoza yakozwe n’ibisata vy’igihugu n’amashirahamwe yigenga avyerekana. Ibi bihugu kandi ni navyo bijanwamwo abaturuka mu bihugu vy’ibiyaga binini vya Afurika n’i’y’Uyubuseruko. Mbere igihugu nka Kenya kiramaze imyaka irenga ibiri gitanguje amasezerano n’ivyo bihugu kugira abanyagihugu baco bareke gutwarwa nk’inyagano ahubwo bagende hisunzwe amategeko.

Ubu “ONLCT OU EST TON FRERE” rivuga ko abakenyezi n’abigeme bajanwa kugurishwa bacanwa ku mipaka Uburundi buhana na Tanzaniya imbere y’ugukomereza mu Buganda na Kenya kuko ku kibuga c’indege ca Bujumbura hari umukwabu ukomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG