Uko wahagera

Itegeko Rigenga Abamenyeshamakuru Mu Rwanda


Inama nshingamateka yo mu Rwanda iheruka kwemeza umugambi wo guhindura zimwe mu ngingo ziri mw’ itegeko rigenga abamenyeshamakuru mu Rwanda, itegeko ryari ryashinzwe mu mwaka w’ 2009. Izo ngingo zizohindugwa, abamenyeshamakuru batari bake bari baraziyamirije cane kubera bavuga ko zibabangamira cane mu kurangura umwuga wabo.

Bamwe mu bamenyeshamakuru twavuganye bavuze ko uguhindura iryo tegeko vyakiriwe n’ abamenyeshamakuru mu buryo butandukanye. Ngo abamenyeshamakuru bakoreshwa na reta bo barisamiye hejuru bariha amashi yamara ngo abamenyeshamakuru bashaka gukora mu bwigenge bo baranebagura iryo tegeko n’ ivyahindutsemwo.

Mur’ abo bamenyeshamakuru twavuganye har’ abavuze ko kugira ngo itegeko rigenga itangazamakuru rikore vy’ ukuri ritegerezwa kuba ririmwo ingingo zihana umuntu we atoteza abamenyeshamakuru kubera akazi kabo. Abandi nabo bavuze ko Urwanda rusanzwe rufise amategeko meza ariko ko uburyo amategeko aba yanditse n’ uburyo ashigwa mu ngiro ar’ ibintu bitandukanye.

XS
SM
MD
LG