Isosiyete ikora imiti, Pfizer yemeye guha Reta ya Amerika ibindi bipimo imiliyoni 100 vy'incandago z'ukwikingira ikiza ca Covid-19.
Amasosiyete, Pfizer na BioNTech azotanga ivyo bindi bipimo hisunzwe amasezerano agira kabiri. Yompi yatangaje uno musi ku wa gatatu ko yiteze kuba yatanze ibipimo vyose vy’incandago z’ukwikingira Covid-19 kw’itariki 31 y’ukwezi kw’indwi kw’umwaka utaha w’i 2021.
Hisunzwe amasezerano y’agaciro kagera ku miliyaridi 2 z’amadolari yatangajwe uno musi ku wa gatatu, isosiyete, Pfizer na BioNTech azoba amaze gutanga ibindi bipimo imiliyoni 70 kw’itariki 30 y’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka uza. Mu gihe ibindi bipimo bisigaye imiliyoni 30 bizotangwa imbere y’itariki 31 y’ukwezi kw’indwi kw’umwaka utaha.
Reta ya Amerika irafise guhitamwo kuronka ibindi bipimo vy’incandago imiliyoni 400. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Amerika, Alex Azar, yatangaje ko amasezerano reta yagiranye n’amasosiyete Pfizer na BioNTech, azotuma Abanyamerika bishimira ko bazoba baronse ibipimo bihagije vy’ugucandaga abanyagihugu bose babishaka mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka w’i 2021.
Facebook Forum