Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bw’igihugu ca Misiri bwamenyesheje ko abantu 19 bapfuye, abandi 30 barakomereka igihe imodoka yariko ica mu nzira itariyo yasekana n’izindi modoka 3 hagati ku murwa mukuru, Cairo.
Ugusekana kw’izo modoka vyatumye zaka umuriro.
Imodoka ziriko zaka umuriro zashobora kuboneka kw’ibarabara iyo mpanuka yabereyeko mu gihe abantu barengana bariko bagerageza gutabara abakomeretse.
Abajejwe itohoza baraje ahabereye iyo mpanuka mu gihe hari abapolisi benshi.Umushikirizamanza mukuru w’igihugu ca Misiri ariko aratohoza iyo mpanuka.
Facebook Forum