Uko wahagera

Ibirori vyo gusozera inkino olimpike 2016, muri Brezil


Mu birori vyo gusozera inkino za olimpike, vyabaye kur’uyu w’Imana, i Rio de Janeiro, mu gihugu ca Brezil, umukinyi Simone Biles, ari mu bakinyi baserukiye Leta zunze ubumwe z'Amerika, niwe yagenywe na bagenzi we kugira atware ibendera ry’Igihugu cabo.

Mur’izo nkino, zari zimaze indwi zibiri, Biles, umwigeme asanzwe akina agatebetebe, yatahukanye imidari y’inzahabu ishika kur’ine, hamwe n’umujumpu umwe. Kubwa Biles, kubona bagenzi we bamusavye gutwara ibendera ry’Igihugu, n’iteka ridasanzwe.

Scott Blackmun, arongoye abakinyi ba Leta Zunze Ubumwe z'Amerika mu nkino olimpike, yatangaje ko umukinyi Ryan Lochte, hamwe na bagenzi we, bazofatirwa ibihano, biturutse ku birego bitarivyo batanze bivuga ko bibwe hakoreshejwe inkoho.

Blackmun nta vyinshi yavuze kubijanye n’ivyo bihano, ariko yavuze ko ababajwe n’inyifato y’abo bakinyi, kuko bamaramaje abandi bakinyi baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bongera kandi bamaramaza n’igihugu cabo.

Umukinyi Lochte, yaremanze ko yarengeje urugero mu birego yatanze, ariko ntahakana kw’ivyo yavuze atarivyo.

Tubibutse kandi ko mur’izo nkino olimpike, zari zimaze iminsi I Rio de Janeiro, muri Brezil, Uburundi bwagize amahirwe yo gutahukana umudari w’umwakaka, buwuheshejwe n’umwigeme Francine Niyonsaba, yiruka imetero 800.

Rikaba ribaye irigira kabiri mu mateka y’Uburundi, inyuma y’umudari w’inzahabu watahukanywe na Venuste Niyongabo, yiruka imetero 5000, mu mwaka w’1996.

Inkino olimpike zikurikira zikazobera ku mugwa mukuru w’Ubuyapani, I Tokyo, mu mwaka w’2020. Igisagara ca Tokyo catsindiye ubwo burenganzira mu mwaka w’2013, aho cahiganirwa ayo mahigwe n’ibisagara vya Instanbul, muri Turukiya, hamwe na Madrid, muri Espagne.

XS
SM
MD
LG