Uko wahagera

Impunzi Ziri mu Gihugu cya Tanzaniya Zibayeho Zite?


Umwana w'impunzi imbere y'akazu umuryango we ubamo mu nkambi ya Nduta
Umwana w'impunzi imbere y'akazu umuryango we ubamo mu nkambi ya Nduta

Mu gihugu cya Tanzaniya, impunzi z’Abarundi ziri mu nkambi zitatu arizo Nduta, Nyarugusu na Mtendeli, zose ziri mu karere ka Kigoma mu burengerazuba bw’igihugu.

Ishami rya ONU ryita ku mpunzi, HCR, rivuga ko izo mpunzi zigera ku ibihumbi 150 mu biharuro bishasha ryatanze mu kwezi kwa gatanu

Imyaka 6 irarumanye impunzi z’Abarundi zihungiye muri izo nkambi. Ahanini bavuga ko bahunze ikibazo c’umutekano ariko n'iyo bahungiye na ho bahasanze ibibazo nk'ibyo bituma batabayeho neza mu buzima bwo mu buhungiro.

Ibitigiri polisi yo muri komine Kibondo itanga vyerekana ko abarenga 18 bicwa uko umwaka utashe bagirizwa ubugizi bwa nabi, ivya poritike hamwe n’ubusuma naho amakuru yabo adakunze gushirwa ahabona. Abarenga 25 na bo baburiwe irengero.

Abandi barenga 75 barafungwa mu gasho buri mwaka bazira kuja gushaka ibiribwa bakabukanya inyuma y’ikambi no gusenya udukwi bigatuma benshi babaye mu buzima budafise amahoro akwiye ariko bakabura uko babigenza.

Mu gihe amakungu arimwo kwizihiza umusi mpuzamakungu wahariwe kwitaho ibibazo vy’impunzi kw’isi, impunzi zahungiye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mutendeli zisaba reta ya Tanzaniya co kimwe na HCR gukemura ibibazo bizihambariye cyane cyane ikibazo c’umutekano muke.

Mu mwaka w’2018 reta ya Tanzaniya yafashe ingingo yo kugara amasoko rusangi yose ahuza impunzi z’Abarundi hamwe n’abaturanyi bazo. Naho muri 2019 yari yafashe ingingo yo gutahukana impunzi zose ku nguvu ntibishire mu ngiro, ivyo bibazo navyo ni bimwe mu vyateye umutekano muke impunzi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya.

Umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi, mu nama zo kwizihiza umunsi wahariwe impunzi zibera mu nkambi buri mwaka, ahakana ibivugwa ko Tanzaniya iburabuza impunzi ikazitera umutekano muke kugira ngo zitahe vyanse bikunze.

Impunzi z’Abarundi zatanguye gutaha kubushake bwazo kuva mu mwaka w’2017. Naho biri uko, benshi bavuga yuko bataha kubera amabi bahura nayo mu nkambi naho ico bahunze gisa nk’ ikitarakemuka. Mu bitigiri dukura HCR, Abarundi bamaze gutaha barenga ibihumbi 80, mu gihe abasigaye barenga gato ibihumbi 150.

Uretse abarundi izindi impunzi ziba muri Tanzaniya ni Abanyekongo batuye mu nkambi ya Nyarugusu. Ibitigiri bitangwa na HCR vyemeza ko barenga ibihumbi 70.

Amategeko y’igihugu ca Tanzaniya ateganya yuko impunzi zose zotaha mu gihugu c’amavuko. Mu nama zitari zike reta ya Tanzaniya yama yakoze mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli ihamagarira impunzi gutahuka yitwaza yuko amahoro yagarutse mu Burundi. Naho biri uko impunzi ziratakamba ko nyabuna ico bahunze gisa nk’ ikitarakemuka kandi buri muntu yahunze ukwiwe gusa bagatahukana uwuvyishakiye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG