Uko wahagera

Impungenge z'Abasirikare ba Eritreya Barungitswe muri Tigreya


Reta zunze ubumwe za Amerika n'umuryango w'ubumwe bwa Bulaya vyerekanye impungenge zikomeye kw'irungikwa riherutse kuba ry'inteko za Eritreya mu ntara ya Tigreya iri muri Etiyopiya.

Inteko z’intara ya Tigreya zari zasubiye kwigarurira vyinshi mu bice vy’iyo ntara mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. Yamara irungikwa rishasha ry’inteko za Eritreya ribaye amezi atari make inyuma yuko Reta ya Etiyopiya yari yamenyesheje ko inteko zo mu mahanga zari zavuye mur’iyo ntara. Bikaba vyateye impungenge ko ingwano igiye kwiyongera.

Reta zunze ubumwe za Amerika ziratewe impungenge n’uko ibitigiri binini cane vy’inteko za Eritreya zasubiye kwinjira muri Etiyopiya, inyuma yuko zivuyeyo mu kwezi kwa gantandatu. Vyatangajwe ku musi wa mbere n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken.

Ivyo yabitangaje mu gihe ubushikiranganji bujejwe ikigega bwa Amerika bwatangaje ibihano bwafatiye umutegetsi akomeye wo muri Eritreya, bwagirije ityozwa ry’agateka ka muntu mu ngwano mu ntara ya Tigreya. Eritreya yatangaje kw’ivyo vyagirizo bitagira ishingiro.

Abaserukira umuryango w’ibihugu vy’Ubulaya, mu rwandiko bashikirije kw’italiki 20 y’ukwezi kw’umunani, bamenyesheje ko Eritreya yarungitse inteko muri Tigreya. Inteko z’ico gihugu zaza zarungitswe mu gice kirimwo amatati co mu burengero bw’iyo ntara aho zashize ibirindiro zifashishije ibimodoka vya blinde na vya muzinga mu micungararo y’ibisagara vya Adi Goshu na Humera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG