Uko wahagera

Igitero ca Grenade Cahitanye 2 Gikomeretsa 8 i Bujumbura mu Burundi


Mu Burundi, abantu babiri ni bo baguye mu gitero ca grenade mw'ijoro ryo kuri uyu w'Imana ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, abagera kuri munani barakomereka.

Ico gitero cabaye nk’isaha zibiri n’igice z’ijoro. Cabereye muri karitiye yitwa “Twinyoni” muri zone Kamenge , komine ya Ntahangwa mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, kikaba cabereye ku kirabo.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’umwe mu bafise incuti zari muri ico kirabo n’uko bene kugira igitero baje mu mudokari itagira imparati bongera bajanwa nayo bahejeje kwiha inkumbi. Aya makuru nyene yemeza ko abantu babiri baciye bahasiga ubuzima.

Abandi umunani barakomeretse bajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe Medecins Sans Frontieres.

Abateye n’abahasize ubuzima kugera igihe twategura iyi nkuru umwidondoro wabo ntiwari bwamenyekane. Gusa hari ababa hafi y’ikirabo catewe bavuga ko gikunda guteramirako bamwe mu bakozi b’iperereza n’intwazangabo z’igipolisi.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Igitero ca Grenade Cahitanye 2 Gikomeretsa 8 i Bujumbura mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:38 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG