Ikigo gikwirikirana ibihuhusi muri Amerika catangaje ko vyitezwe ko igihuhusi Dorian congereza inguvu mu guhinduka igihuhusi gikomeye cane mu mpera z’uyu musi.
Igihuhusi Dorian kiriko gitera cegereza ikigobe ca Reta ya Florida aho bitegekanijwe ko gishika mu mpera z’iyi ndwi.
Muri iki gihe kigeze hafi y’uburaruko bushira uburengero bw’amazinga ya Bahamas.
Reta ya Bahamas yagabishije ababa mu buraruko bushira uburengero bw’ayo mazinga gukwirikiranira hafi igihuhusi Dorian. Ni mu gihe bulamatari wa Reta ya Florida, Ron DeSantis yatangaje ibihe bigoye mu bice vyose vy’iyo Reta.
Imvura izoba itewe n’igihuhusi Dorian ishobora gutuma haba imyuzure ikomeye ishobora kugeramira ubuzima bw’abanyagihugu.
Muri iki gihe, igihuhusi Dorian kirimwo imiyaga y’umuvuduko w’ibilometero 165 kw’isaha.
Abakwirikirana ibirere bavuga ko igihuhusi Dorian gishobora gushika mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta ya Florida mu masaha ya kare yo ku musi wa mbere kiri ku rugero rwa gatanu n’imiyaga y’umuvuduko w’ibilometero 209 kw’isaha.
Abahinga bavuga ko ibihuhusi vyo ku rugero rwa kane bishobora kwiha inkumbi mu gusambura amazu, amabarabara, gusitura ibiti n’intsinga zitwara umuyagankuba.
Facebook Forum