Uko wahagera

ICG: Uburundi Bubandanya Gutoza Intererano y’Amatora ku Nguvu


Icemezo (Recu) c'umwe yarishe
Icemezo (Recu) c'umwe yarishe

Umugwi w’abahinga bagize Ishirahamwe mpuzamakungu ritabariza abari mu kaga cane cane mu karere k’ibiyaga binini “International Crisis Group, "ICG” wemeza ko Uburundi bubandanya gutoza intererano y’amatora ku nguvu.

Uwo mugwi uvuga ko vyahindutse nk’iterabwoba mu gihe hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo ayo matora y’umukuru w’igihugu abe.

Mu mwaka uheze, umukuru w’igihugu yarahagaritse itozwa ry’iyo ntererano. Yamara uwo mugwi w’abahinga ICG uvuga ko abayitoza bahinduye umukenyuro bagashiramwo n’inguvu.

Amatohoza y’uwo mugwi yerekana ko hari abataronse iyo ntererano bahisemwo guhunga igihugu. ICG usaba ko iyi ngendo yohagarara kuko itubahiriza demokarasi.

Intererano y’amatora mu Burundi yatanguye gutozwa mu banyagihugu bose kuva mu mwaka w’2017. Ico gikorwa kigitangura, ciswe ico gufasha igihugu, umwe wese agatanga ikivuye ku mutima.

Itegeko ry’abashikiranganji 2, uw’ubutunzi n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu ryavuga ko umwirimizi atanga 2000, umunyeshure na we agatanga 1000, umukozi wa reta agakatwa ku mushahara wiwe, na yo uwikorera ku giti ciwe agatanga uko abishoboye.

Umugwi w’abahinga bagize Ishirahamwe mpuzamakungu ritabariza abari mu kaga cane cane mu karere k’ibiyaga binini “International Crisis Group, ICG”, mu matohoza wakoze, uvuga ko wasanze ibintu bitahavuye ngo bigende uko.

IGG ivuga ko abashikiranganji batandukanye n’abandi bagize reta bahavuye bashiraho uburyo bwo gutoza ayo mafaranga. Babonetse bakurakuranwa mw’ i Banki Nkuru y’igihugu bajanayo imiliyoni n’imiliyoni batoje mu bakozi.

Amashengero, abasirikare, abapolisi, za kaminuza, abakozi b’ishyirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika y’ubuseruko, EAC, n’abandi baratanze iyo nterarano.

N’aho batabivugira hejuru, abenshi bemereye ICG ko bayatanze ku nguvu.

Hagati mu gihugu, abahinga ba ICG, bavuga ko kabaye akaryo ko kurekura urwaruka rw’Imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kwirara mu batavuga rumwe na Reta baterwa ubwoba mu gutozwa ayo mafranga.

Ayatojwe yose hamwe ntazwi. Gusa, umushikiranganji w’ikigega ca Reta yavuze ko bari bihaye ihangiro ryo gutoza imiliyaridi 70 z’amafranga y’Amarundi. Ayagera ku miliyaridi 17 yatojwe mu mwaka umwe, igice c’ayo catanzwe n’abanyagihugu bato bato.

Radiyo Ijwi ry’Amerika yaganiriye na bamwe mu mpunzi zahunze mu kuva mu mpera z’umwaka uheze kuri ico kibazo. Abahungiye i Lusenda muri RDC n’abahungiye i Nakivale mu Buganda, bemeje ko kubura iyo ntererano ari kimwe mu vyatumye bahunga.

Ku rundi ruhande, umunyeshure aheruka gutangura kaminuza mu kwezi guheze kwa 3, yabwiye umunyamakuru wa VOA ko aheruka gutanga iyo ntererano incuro zine mu mezi 2. Yavuze ko yatanze ibihumbi 2 incuro zibiri mu komine avukamwo hagati mu gihugu kugira aronke ibipapuro yarondera muri komine, yongera gutanga ayandi nk’ayo mu gisagara ca Bujumbura kugira aronke ibindi vya ngombwa yarondera muri Mairie ya Bujumbura.

Ishirahamwe ryigenga PARCEM rikorera mu gihugu, ryakurikiranye ico kibazo ryabwiye VOA ko guterera amatora bitari bibi, ahubwo ikibi ari ugukoresha inguvu.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

ICG: Uburundi Bubandanya Gutoza Intererano y’Amatora ku Nguvu
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:27 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG