Uko wahagera

Icegera ca Perezida wa Afuganistani Yarusimvye mu Gitero ca Bombe


Ahabereye ico gitero
Ahabereye ico gitero

Icegera ca Perezida wa Afuganistani, Amrullah Saleh yarusimvye mu gitero ca bombe ku murwa mukuru, Kabul. Ico gitero ca bombe cakozwe ku cegera ca prezida cabaye mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu cahitanye abantu 10, gikomeretsa abandi batari bake.

Benshi muri abo abantu bariko barengana kw’ibarabara nkuko umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yatangaje ayo makuru abivuga. Abategetsi bavuga ko bombe yari igenewe kwica icegera ca prezida yari yatezwe kw’ibarabara. Yashoboye kurusimba kubera yari mu modoka ikingiwe amasasi n’amabombe. Yakomeretse buhoro mu maso no mu biganza.

Gatoyi inyuma yaho yashize ku rubuga rwa Facebook amasanamu ya videwo yerekana uko ibintu vyagenze. Amenyesha ko bombe yari yatezwe imodoka yiwe yari ikomeye ku buryo yatumye ikiyo cayo gishonga. Yavuze ko abona ko inteko zijejwe umutekano mu gihugu zihangana n’bibazo nkivyo uko umusi utashe. Yasavye imbabazi ku bantu bahasize ubuzima n’abatakaje ivyabo mu gitero c’uno musi ku wa gatatu.

Umuhungu wiwe, Ebad Saleh yari amuherekeje ntaco yabaye muri ico gitero. Yamara abacungera ubuzima bwiwe batari bake barakomeretse, bakaba bajanywe mu bitaro.

Prezida wa Afuganistani Ashraf Ghani yiyamirije ico gitero kavuga ko abagira iterabwoba n’ababashigikiye bo mu mahanga badashobora kubaca intege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG