Ibiganiro vyerekeye amasezerano ku mugambi w’ibigwanisho vya nikereyeri w'igihugu ca Irani bizobandanya ejo ku musi wa kabiri i Vienne muri Otrishiya. Ni inyuma y’uko abajejwe ibiganiro batangaje mu ndwi zirangiye ko bakoze intambwe ku bijanye n’ukunagura amaszerano akomeye yari yashitsweko mu mwaka w’i 2015.
Impande zegwa n’ayo masezerano zarahuye mu biganiro mu gisagara ca Vienne kuva mu mwaka uheze. Yamara vyari vyahagaze mu mpera z’ukwezi guheze mu gihe ababijejwe bari basubiye mu bihugu vyabo kuvugana n’amareta yabo.
Shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz, yatangaje uno musi ku wa mbere ko ivyerekeye guheraheza neza ibiganiro bizova ku gihugu ca Irani. Atangaza ko bahaye ico gihugu ubutumwa butomoye ko iki ari co gihe c’ugufata ingingo n’ukugira intambwe aho kuguma birandira. Yizeye ko abategetsi ba Irani bazohabonera akaryo kubera ata mwanya munini usigaye.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Saeed Khatibzadeh, yatangaje ko inyishu Reta zunze ubumwe za Amerika zizozana mu gisagara ca Vienne ejo ku musi wa kabiri ari zo zizokwerekana niba bashobora gushika ku masezerano. (AFP)
Facebook Forum