Uko wahagera

Guinee Equatoriale Yatanguye Kunamira Abanyagihugu 105 Bishwe n'Umuriro


Guinee Equatoriale catanguje imisi itatu yo kwunamira abanyagihugu 105 bahitanywe n’umuriro wadutse mu kibanza kibikwamwo ibirwanisho, bigaca bituragurika.

Uyo muriro w’icaduka warakomerekeje kandi abantu 615.

Reta y’ico gihugu yafashe ingingo zihutirwa zigenewe gufasha abasinzikajwe n’iyo mpanuka yabaye ku musi w’imana mu gisagara ca Bata kiri ku nkengera y’ibahari.

Itohoza ku catumye iyo mpanuka iba ryatanguye.

Prezida wa Guinee Equatoriale, Teodoro Obiang Nguema, umutambukanyi wiwe n’umuhungu wiwe asanzwe ari icegera ca prezida baragendeye ku musi wa kabiri ikambi y’igisirikare yasenyuwe n’iryo sanganya ryabaye ku musi wa mungu.

Iyo mpanuka yabereye mu gice citwa Mondong Nkuantoma mu gisagara ca Bata, yatewe n’ikoreshwa nabi ry’igisasu ca dynamite hamwe n’ishingurwa ry’ibisasu nk’ivyo hafi y’ibice bibamwo abanyagihugu.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ku musi w’Imana ko umuriro wadutse mu kibanza kibikwamwo ibirwanisho, ari wo watumye biturika. Iturika ryavyo ryarononye amazu n’inyubakwa zitari nke mu gisagara ca Bata. Abantu barenga 60 bari bafatiwe mu bisigarira vy’ivyasambutse baratabawe.

Reta ya Guinee Equatoriale yatunganije inama yihutirwa kugira irabe ukugene abasinzikajwe n’iyo mpanuka boronswa imfashanyo mu buryo bwihutirwa, imbere y’uko imfashanyo itanzwe n’amakungu, ishika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG