Kuri uyu wa gatanu, inama nshingamateka y'Uburundi iramutswa ibiro bishasha. Umukuru wayo ni Gelase Daniel Ndabirabe, icegera ciwe ca mbere ni Sabine Ntakarutimana nayo icegera ca kabiri ni Abel Gashatsi.
Igikorwa co gutora cabaye abashingamateka 32 bo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi batarimwo. Agathon Rwasa aramustwa uwo mugambwe yasiguye ko batigeze bumvikana uko igikorwa kiri bugende nkuko vyahora bigenda.
Yabwiye itangazamakuru ati: "Abashingamateka bo muri CNDD-FDD bishimiye ubwinshi bwabo batubwiye ko vyaheze ataco tuvugana." Naho Rwasa atemeranya n’ivyakozwe asigura ko we n’abandi bashingamateka ba CNL batazitesha ibibanza batorewe n’abanyagihugu babizeye.
Inama nshingamateka y’Uburundi igizwe n’abashingamateka 123. Umugambwe uri ku butegetsi ufise intebe 86, umugambwe CNL ukagira 32, nayo umugambwe Uprona ufise babiri mu gihe izindi ntebe zitatu zeguriwe abashingamateka b’abatwa bongewemwo n’umugwi CENI utegura amatora nk’uko bisabwa n’ibwirizwa nshingiro.
Daniel Gelase Ndabirabe yatowe kuba umukuru w’inama nshingamateka yari asanzwemwo co kimwe na Sabine Ntakarutimana yahora ari umuhanuzi mu biro kwa nyakwigendera Pierre Nkurunziza.
Sabine Ntakarutimana yarigeze no kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu. Aba babiri baturuka mu mugambwe CNDD FDD. Abel Gashatsi, akaba ari umukuru w’umugambwe Uprona.
Facebook Forum