Uko wahagera

Ikibazo cy'Ababuriwe Irengero mu Burundi Carongerekanye mu 2018


Bamwe mu bo Ishirahamwe FOCODE rivuga ko baburiwe irengero
Bamwe mu bo Ishirahamwe FOCODE rivuga ko baburiwe irengero

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, FOCODE, mu mugambi waryo "Ndondeza" ryemeza ko mu matohoza ryakoze abantu 28 ari bo banyurujwe bongera baburirwa irengero inyuma yo guhagarikwa n'inzego z'umutekano mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2018.

Pacifique Nininahazwe arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko ico gitigiri kiri hejuru ugereranije n’iyindi myaka itatu iheze n’ubwo mu gihugu haboneka umenga hari agahengwe.

Mu gihe amwe mu mashirahamwe yegereye ubutegetsi bw’i Bujumbura yagiriza FOCODE gushikuza mu bitigiri, Pacifique Nininahazwe yemanga ko uwo barinze batangaza ko yanyurujwe baba bamufatiye akanya gakwiye ko kwiga ivy’inyuruzwa ryiwe.

Kuva mu kwezi kwa kane mu 2016 ishirahamwe FOCODE rivuga ko rimaze kugira amatohoza ku bantu rizi neza ko baburiwe irengero bagera ku 107. Abanyuruzwa nkuko FOCODE ibandanya ibivuga baba batavuga rumwe na Reta.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG