Uko wahagera

Etiyopiya: Umutwe w'Abarwanyi Wifatanyije n'Ingabo za Tigreya


Abarwanyi b'Abanyatigreya mu modoka ya gisirikare
Abarwanyi b'Abanyatigreya mu modoka ya gisirikare

Umurwi OLA w'abarwanyi ba Oromo wifatanije na TPLF wo muri Tigreya kurwanya Guverinoma ya Etiyopiya.

Umurwi witwaje ibirwanisho mu gihugu ca Etiyopiya, Oromo Liberation Army, OLA mu mpfunyapfunyo, umenyesha ko wagize urunani rwa gisirikare n'inteko z'intara ya Tigreya.

Umuyobozi wawo, Kumsa Diriba, yatangaje ko ico bagamije ari ugutembagaza reta ya Etiyopiya hakoreshejwe inguvu za gisirikare. Diriba avuga ko amasezerano n’inteko z’intara ya Tigre yapfunditswe haheze indwi nkeyi.

Mu kiganiro yahaye itororokanyirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, The Associated Press, uyu muyobozi Diriba avuga ko bumvikanye gukorera hamwe, cane cane mu vya gisirikare, mu kurwaniriza hamwe umwansi umwe. Amenyesha ko bahanahana amakuru y’ibibera ku rugamba, kandi basangiye urugamba naho barwana batari kumwe amaso mu yandi. Yamara avuga ko ivyo bishobora kuba.

Kumsa Diriba yasiguye ko ibiganiro vyo kwunga urunani mu vya politike biriko biraba, kandi ko n’iyindi mirwi muri Etiyopiya iriko iragira uruhara mu biganiro nk’ivyo. Avuga ko hazoba urunani rukomeye rw’ukurwanya intwaro y’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Aby Ahmed.

Urwo runani ni ikindi kimenyetso c’uko intambara mu ntara ya Tigreya yatanguye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, iriko iriyongera. Ivyatangajwe n’umukuru w’umurwi OLA, Kumsa Diriba bibaye umusi umwe inyuma y’uko Aby Ahmed ateye akamo abanyetiyopiya bose babishoboye kwifatanya n’igisirikare mu rugamba rw’ugutsinda burundu inteko z’intara ya Tigre.

Reta ya Etiyopiya yaratangaje mu ntango z’uyu mwaka ko umuhari wo guhabuza intara ya Tigreya TPLF na OLA ari imirwi y’iterabwoba.

(AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG