Uko wahagera

Etiyopiya: Inteko za Eritreya 'Zibandanya Kwica Abanyagihugu' mu Ntara ya Tigre


Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka muntu, “Amnesty International” rivuga ko ibyo bikomeza indwi zitari nke inyuma yuko igihugu ca Etiyopiya kimenyesheje ko zizotahuka.

Bitegekanijwe ko abagize urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi bakorana uno musi ku wa kane ku vyerekeye intara ya Tigre, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bishwe. Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje ko abantu isinzi batujijwe, hakoreshejwe ubwicanyi n’ugufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, mu gice co mu burengero bw’iyo ntara ibamwo abantu imiliyoni 6.

Ishirahamwe, “Amnesty International” rifatiye ku vyatangajwe n’ababonye ivyabaye batari bake, ryaramenyesheje ku musi wa gatatu ko inteko z’igihugu ca Eritreya zatanguye kurasa abantu barengana, zica abantu 3, abandi 19 barakomereka igihe zariko zica mu gisagara ca Adwa ku musi wa mbere. 6 mu bakomeretse bameze nabi cane.

Sarah Jackson, umuyobozi w’ishirahamwe, “Amnesty International” mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, yavuze ko ubwo bwicanyi ari ikindi gitero kigayitse cakozwe n’inteko za Eritreya ku basivile mu ntara ya Tigre.

Etiyopiya caratangaje mu ntango z’uku kwezi ko abasirikare ba Eritreya batanguye kuva ku butaka bwaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG