Uko wahagera

Etiyopiya: Amabi Akorewa muri Tigre Arateye Agahinda


Ubuzima abanyagihugu bo mu ntara ya Tigre burateye amakenga muri iki gihe bahanzwe n’inzara hamwe n’ingwano yatumye imfashanyo idashobora gushikira abanyagihugu abanyagihugu imiliyoni n’imiliyoni.

Ingwano igisibije muri ico gihugu gicuditse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika iramaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi.

Ejo ku musi wa kane, umushikiranganaji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, yarateye akamo umushikiranganji wa mebre wa Etiyopiya Abiy Ahmed, gasaba uyo mutegetsi yahawe agashimwe k’amahoro Prix Nobel de la Paix mu 2019, gutanga uburengenzira bwo gushikana imfashanyo mu ntara ya Tigre mu buryo bwihutirwa, imbere y’uko abanyagihu bicwa n’inzara.

Inyishu Abiy yatanze kuri ako kamo hamwe n’akamo katewe n’abandi bategetis bo kw’isi bakomeye, ntiyigeze yemenga ikibazo co mu ntara ya Tigre.

Raporo ya nyuma y’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho imbabare, yerekana ko ata mfashanyo irashika mu bice vyinshi vya Tigre. Iyo raporo ivuga kandi ko umutekano wama wahungabanye muri iyo ntara, naho haheze amezi abiri atangaje ko yatsinze urugamba rwohaberaga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG