Uko wahagera

Dady De Maximo: Imbuga Ngurukanabumenyi Zishobora Gusenya


Dady De Maximo Mwicira-Mitali
Dady De Maximo Mwicira-Mitali

Impande zitandukanye zirimwo abahoze bakorera ama sosiyete yatanguje imbuga ngurukanabumenyi zirimwo nka Facebook, bakomeje kwumvikana banebagura imikorere y’izo mbuga, mu kuzagiriza ko zishira imbere inyungu zazo zikiyibagiza ineza y’abazikurikirana.

Mu kiganiro Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yagiranye n'Umwanditsi, Umunyavyese, Umuhanzi w’imyambaro isanzwe niy’ubugeni akaba n'Umunyavyese akoresha cane imbuga nka Facebook na Instagram, Dady De Maximo Mwicira-Mitali, aba muri Danemark, yamubajije ico yibaza kw'ikoreshwa ryiza ry'imbuga ngurukanabumenyi mu bakiri bato.

Dady De Maximo muri ico kiganiro yagarutse kandi ku nsiguro aha “ uguhangayika kwaranze abatari bake” mu ndwi iheze aho Facebook, Instagram na WhatsApp vyamaze amasaha ashika ku 6 vyahagaze gukora.

Ubusesanguzi bwa Dady de Maximo Kw'Ikoreshwa Ryiza ry'Imbuga Ngurukanabumenyi
please wait

No media source currently available

0:00 0:12:07 0:00


  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG