Muri Sudani, ishirahamwe ryitaho impunzi n’abateshejwe izabo mu ntara ya Darfur ryatangaje ko ubwicanyi bufatiye ku moko bwahitanye abantu 24 muri iyo ntara.
Ubwo bwicanyi hagati y’Abarabu n’Abirabure bwatewe n’amatati ahagaze ku nyungu z’amafaranga. Yabaye hagati y’abagabo babiri baba mw’ikambi y’abateshejwe izabo mu ntara yo mu burengero bwa Darfur, ku musi wa gatandatu ku mugoroba.
Umuvugizi w’iryo shirahamwe rihuza ibikorwa by’impunzi n’abateshejwe izabo muri Darfur, Adam Regal, yavuze ko bukeye bw'aho, abarwanyi bazwi kw’izina rya Janjaweed, bateye iyo kampi ku musi wa mungu mu gitondo ca kare, batangura guturira no gusahura. Abantu bashika 35 barakomeretese.
Ubwo bwicanyi bwabereye muri ico gice ca Darfur yo mu burengero, buje bukwirikira ubwicanyi bwabaye mu kwezi guheze. Ni igihe amatati ahagaze ku butaka hagati y’Abarabu n’Abirabure mu karere ka Jebel Moon yatuma batana mu mitwe abantu bashika 17 bakahasiga ubuzima abandi 12 bagakomereka.
Mu ntara ya Darfur yo mu bumanuko na ho nyene, abantu bashika 45 barishwe mu mezi abiri aheze igihe Abarabu n’Abirabure batana mu mitwe mu gisagara ca Tawila.
Facebook Forum