Urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi, CNC, kuri uno wa mbere rwatangaje ko rugiye kwihweza ingingo zibereye zofatirwa iradiyo mpuzamakungu y’Abafaransa RFI.
Ni inyuma y'ikiganiro co kuri uno wa Mungu iyo radiyo yagiranye n'umupfasoni Marguerite Barankitse aramutswa ikigo Maison Shalom akaba ari no mu bagirizwa kuba barahatswe guhirika ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi aramutswa CNC, yasiguye ko RFI yahengamye mu kureka Barankitse "Akifatira mu gahanga urwego rw'umukuru w'igihugu akongera agacafuza Uburundi n'inzego abicishije mu binyoma n'ibitutsi vy'agahomerabunwa" abamenyeshamakuru, ntibamusabe ivyemezo vy'ivyagiriji vyiwe.
Bankumukunzi yongeye avuga ko iyo radiyo yari imaze guhabwa gasopo incuro zibiri zose ariko ntiyihanure. Ku bwo ico yise "Ukudahanurwa kwa RFI", CNC yemeje ko igiye kwihweza ibihano vyofatirwa iyo radiyo mpuzamakungu bikazotangazwa mu minsi ya vuba.
RFI igabishijwe inyuma y'umwaka urenga iradiyo y'Abongereza, BBC, n'Ijwi ry'Amerika zugariwe imirongo ya FM mu Burundi. Ayo maradiyo mpuzamkungu abiri agihanwa mu kwa gatanu ko mu 2018 yari yahawe ibihano vy'amezi atandatu.
Uretse ko inyuma y'ico kiringo FM z'izo radiyo zituguruwe, mu mpera z'ukwa gatatu ibihano vyarakajijwe urwo rwego rubuza abamenyeshamakuru bose bari ku gataka k'Uburundi baba abanyamahanga canke Abarundi gukorana n'ayo maradiyo.
Kuva mu kwezi kwa gatanu mu 2015 hadutse imvururu zifatiye ku kindi kiringo c'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Pierre Nkurunziza, amaradiyo yigenga arimwo RPA, Bonesha FM na Renaissance yarugawe yagirizwa kugira uruhara mu guhakwa guhirika ubutegetsi bwa Prezida Nkurunziza.
Abamenyeshamakuru baharurwa mw'100 bakorera ayo maradiyo babarizwa mu buhungiro mu gihe abakorera amaradiyo mpuzamakungu bakenera impusha zo kuza gutara amakuru muri ico gihugu bitoroshe ko bazihabwa.
Facebook Forum