Uko wahagera

CENI: "Ekleziya Katorika Yahagarariwe n'Abatazi Gucungera Amatora"


Umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI, uhakana wivuye inyuma ivyagiriji vy'abavuga ko amatora aheruka kuba mu Burundi yabayemwo ubusuma.

Mu kiganiro Pierre Claver Kazihise awuramutswa yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko mu vyagiriji udashobora guha agaciro, harimwo ivy'Abepiskopi Katorika banebagura ayo matora.

Kazihise yasiguye ko indorerezi zatumwe n'inama y'Abepisikopi katolika mu Burundi zagiye gucungera amatora zitari zimenyereye ico gikorwa ari naco gituma amahinyu zabonye atawoyashimikirako.

Ku musi wa kabiri w'iyi ndwi, Abepiskopi katolika bemeje ko indorerezi 2716 barungitse mu gihugu cose zababwiye utunenge twinshi dutuma haba amakenga ku bijanye n'ukuri kw'ibiharuro mfatakibanza vyatanagajwe na CENI.

CENI yemeza ko umukandida w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi general Evariste Ndayishimiye yatsindiye intebe ya perezida ku bice 68.72% nayo uwamukurikiye aba Agathon Rwasa w’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi aronka ibice 24.19% ku kandida indwi bari mw’ihiganwa.

Rwasa yinubiye ko azibwa amajwi kuva akiri mu myiyamamazo yajanye ikirero muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ku muhingamo wo kuri uyu wa kane nk’uko yari yabimenyesheje.

Ibindi kuri ino nkuru, mw'Ijwi rya Eloge Willy Kaneza yatunganije ino nkuru.

CENI Yishuye Abepiskopi Katorika ku Busuma Bavuga ko Bwaranze Amatora
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:42 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG