Uko wahagera

Burundi: Abategetsi Bubatse Bidaciye mu Mategeko Bazokurwa mu Kazi


Umushikiranganji w'intwaro mu gihugu hagati mu Burundi, Gervais Ndirakobuca
Umushikiranganji w'intwaro mu gihugu hagati mu Burundi, Gervais Ndirakobuca

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasavye ba buramatari bose kugira urutonde rw’abajejwe intwaro bose bubatse bidaciye mu mategeko canke abaharitse. Ihangiro: Kubakura mu mabanga ubwo nyene.

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca avuga ko afise amakuru y’uko hari" inyifato itabereye" igirwa n’abajejwe intwaro ishobora guhuvya abanyagihugu. Avuga kandi ko umurongozi ategerezwa kuba afise imico myiza, kuba akarorero no kuba yizewe.

Mugabo iyo ngingo hari abayibonamwo amahinyu. Ishirahmwe Folucon F rikorera hagati mu gihugu rikaba rimwe muyigenga ari mu ntara zose rivuga ko iyi ngingo ishimishije. Gusa umukuru waryo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko idakwiye guhagararira ku bategetsi bo mu nzego z’ibanze bonyene.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:14 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG