Uko wahagera

Burundi: Umuryango w'Abantu Batanu Watururiwe mu Nzu


Polisi yo mu ntara ya Kirundo imaze gufata abantu batatu, kumvo z’amatohoza ku batuririye mu nzu umuryango w’abantu 5 ku mutumba Bucana muri Komine Gitobe. Naho biruko abajejwe intwaro bamenyeshako kumenya ico ubwo bwicanyi bwoba bwaraturutseko bikigoye. Abanyagihugu bo mu gacimbiri Busama aho vyabereye bigiriye inama yo kuzokwama bibuka abo baturiwe

Abo bakekwa kugira uruhara muri ubwo bubisha bose n’abo mu muryango umwe ariko. Naho bafashwe, umuhanuzi wa musitanteri ajejwe intwaro n’imibano avugako bikigoye kumenya neza ico abo bantu boba barazize. Ni mugihe 2 muri abo bafashwe bigeze kuba bafitaniye amatati y’amatongo ,ababanyi babo bakemeza ko vyari vyaraheze ivyo bapfa.

Eka n’abanyagihugu bo mugacimbiri Busama aho habereye ububisha, bavugako ivyabaye ari insigarabwe. Ikibanza abo bantu bahambwemwo cariko kirategurwa neza n’abo banyagihugu kugira habere imisa yo kubasezera.Abo banyagihugu bakaba bigiriye inama yo gutegura neza ico kibanza kugira bazokwame izo inzirakarenga uko umwaka uzoba utashe

XS
SM
MD
LG