Bill Clinton yahoze ari prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yasohotse ibitaro vyo mu gisagara ca Los Angeles kiri muri reta ya Californiya yari yinjiye ku wa kabiri w’ino ndwi.
Angel Ureña avugira Clinton yemeje ano makuru avuga ko yariko avugwa, ubwandu bw'amaraso (Infection) agirako atangaza ko ubu amerewe neza.
Umwe mu begereye Clinton yavuganye n’abamenyeshamakuru ariko akabasaba ko amazina yiwe adatangazwa nawe yemeje ko ubwandu Clinton yagize ari ubwo mu mihora icamwo imikoyo kandi bwakwiragiye mu maraso yiwe.
Si ubwa mbere Clinton agize ibibazo vy’amagara kuva avuye ku butegetsi. Mu 2004, abaganga bamubaze kubera ibibazo vy'umutima, mu 2005 bamubaga kubera ibibazo vy’amahaha, mu 2010 yinjira ibitaro kubera ibibazo vy'umutima.
Ibi yamara ntivyamubujije kubandanya kuboneka ku rubuga rwa politike: Akatari gake yarabonetse ashigikira abakandida bo mu mugambwe wiwe w'abademokarate, barimwo umugore wiwe Hillary Clinton na Prezida Barack Obama.
Bill Clinton yategetse Amerika kuva kw’itariki ya 20 y'ukwa mbere mu 1993 kugera ku ya 20 ukwa mbere mu 2001.
Facebook Forum