Mu gihugu ca Etiyopiya, abategetsi bo mu ntara bemeje ko abantu 10 bapfuye abandi na bo 250 bagakomereka uyu musi ku wa kabiri. Vyabaye mu gihe abakristu bari bitavye umusi mukuru wo kwibuka Yezu abatizwa wariko ubera mu gisagara ca Gondar. Aha ni mu burengero bw’igihugu.
Ibiro vy’igihugu bijejwe gutangaza amakuru bivuga ko abandi 13 barimwo abajejwe gucungera umutekano bakomeretse cane.
Ashenafi Tazebew akora mu bitaro vya kaminuza yo mu gisagara ca Gondar yavuze ko abantu barenga 250 bakomeretse bavuwe, mu gihe abandi 80 bakiri mu bitaro.
Ibiro bijewe gutangaza amakuru muri Etiyopiya bivuga ko uyo musi mukuru w’abakristu wari witabwe n’abantu isinzi, barimwo abanyamahanga 1500.
Facebook Forum