Uko wahagera

AU na OMS mu Biganiro vyo Kwihutisha Urucanco rwa Malariya


Umuryango w'ubumwe bwa Afrika uzotangura ibiganiro n'ishirahamwe OMS ku vyerekeye gutuma urucanco rwa mbere rwemejwe rwa malariya rushike mu karere ka Afrika mu buryo bwihutirwa bushoboka.

John Nkengasong, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kurwanya n’ukwirinda indwara muri Afrika, CDC, yabitangaje umusi umwe inyuma y’uko OMS ritangaje ko urucanco rushasha rwa malariya rwatunganijwe n’isosiyete ikora imiti yo mu Bwongereza, GlaxoSmithKline rwotegerezwa guhabwa abana ku bwinshi muri Afrika.

Abahinga bavuga ko ivyatangajwe na OMS ari intambwe ikomeye cane mu rugamba rw’ukurwanya indwara yica ica kane c’umuliyoni w’abana muri Afrika uko umwaka utashe.

Nkengasong asaba abafasha Afrika kudatanga gusa imfashanyo y’amafranga agenewe incanco za Covid-19, bakirengagiza iza malariya. Yatangaje ko kumenya igihe ibihugu bitari bike vya Afrika aho malariya yatse indaro bizoshobora kuronka izo ncanco bidatomoye muri iki gihe. Ivyo kubera ikiguzi c’izo ncanco kitazwi hamwe n’ukugene kuzikora ku bwinshi bizoshobora kwihutishwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG