Armeniya na Azerbaijan vyatanyeko uruhara rwo kutubahiriza ikiringo co gutanga agahengwe no guhagarika intambara izo mpande zibiri zimazemwo iminsi zipfa akarere kitwa Nagorno-Karabakh.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Armeniya mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yagirije Azerbaijani ko itubahirije amategeko yo gutanga ako gahengwe kari gutangura ejo ku wa gatandatu. Yanditse ko “Ico gihugu congeye gutera ibisasu vyo mu bwoko bwa roketi.”
Uwuramutswa ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Azerbaijani mw'itangazo yasohoye inyuma y’ivyo vyagiriji na we yasiguye ko ahubwo ari Armeniya itubahirije ayo masezerano y’agahengwe mu kubandanya igaba ibitero.
Ingwano hagati ya Armeniya na Azerbaijani yatanguye mu mpera z’ukwezi kw’icenda imaze guhitana abarenga ijana. Kuva mu 1994 hasinywa amasezerano y’amahoro hagati y’izo mpande zibiri zishamiranye, intambara yo kuri ino ncuro ni yo ya mbere ikaze.
Ikigega ca ONU citaho abana kw’isi, UNICEF, cahamagariye Azerbaijani na Armeniya gushira ibirwanisho hasi, gisigura ko mu bariko barwa muri ayo matati harimwo abana batari bake bamaze kwicwa, gukomereka, guta izabo n’abafise ihahamuka rirengeje.
Akarere ka Nagorno-Karabakh gateye amatati naho kemewe mu makungu nk’akegukira Azerbaijan, gategekwa n'abo mu bwoko bw'abanyarmeniya.
Facebook Forum