Uko wahagera

Amerika Yarungitse Abasirikare Bashobora Gutabara muri Congo


Abasirikare ba Amerika muri Siriya
Abasirikare ba Amerika muri Siriya

Reta zunze ubumwe za Amerika zarungitse abasirikare mu gihugu ca Gabon bashobora kuja gutabara muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo umwanya n’umwanya ibintu biyangaye kubera amatora.

Mu ikete Perezida Donald Trump yandikiye inama nshingamateka na nkenguzamateka kuri uno wa gatanu, yasiguye ko abo basirikare barungitswe ahanini kuja gukingira umutekano w’Abanyamerika baba muri Congo co kimwe n’abakorera ubuserukizi bwa Amerika muri ico gihugu, ari nkahamawe hokwaduka akajagari.

Umurwi wa mbere ugizwe n’abasirikare 80 washitse ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville, ku munsi wa gatatu nkuko Trump abivuga mu ikete ryiwe. Uwo murwi ushobora kwongerezwa bibaye ngombwa, uzoguma muri ako karere gushika agahengwe kabonetse.

Vyitezwe ko ivyavuye mu matora bitangazwa kuri uno wa Mungu naho ababikurikiranira hagufi bakeka ko iyyo sango rishobora kutubahirizwa.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano ejo ku wa gatanu karabonanye mu mwiherro bisabwe n’Ubufaransa ku kibazo ca Congo.

Ekleziya Katolika muri ico gihugu kitari gito kidashobora guhererekana ubutegetsi mu mahoro yemanga ko izi uwatahukanye intsinzi. Isaba Umurwi utunganya amatora gutangaza amajwi nyakuri y’ivyavuye mu matora

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG