Uko wahagera

Amakungu Atera Ivyatsi Ingingo ya USA Ihagarika Imfashanyo ya OMS


Ifoto ya Perezida Donald Trump ifatanije n'iy'umukuru wa OMS Tedros Adhanom
Ifoto ya Perezida Donald Trump ifatanije n'iy'umukuru wa OMS Tedros Adhanom

Perezida Trump yafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo za OMS, ayagiriza ko itavyitwayemwo neza mu kurwanya ikiza ca Corona. Amerika ni co gihugu gitanga amafaransa menshi muri OMS.

Ingingo ya Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika y’uguhagarika intererano y’amafaranga ya Amerika mw’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, kubera ukugene iryo shirahamwe ryavyifashemwo ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona yanebaguwe n’amakungu.

Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi basavye ko amakungu akwiriye kuja hamwe n’ugukorera hamwe.

Prezida Trump yishuye n’ishavu ku vyagiriji vy’ukugene Reta yiwe yavyifashemwo ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona. Abanebagura reta yiwe bavuga ko yikweze cane mu kwishura kuri ico kiza. Yaciye ashavurira cane ishirahamwe OMS imbere yuko afata ingingo ku musi wa kabiri y’uguhagarika intererano y’amafaranga y’igihugu ciwe muri iryo shirahamwe.

Avuga ko ishirahamwe OMS ryashize imbere amakuru atari ay’ukuri y’Ubushinwa ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona. Amenyesha ko ayo makuru ashobora kuba yatumye ikiza c’uwo mugera gikwiragira kurushiriza uko vyari kuba. Perezida Trump avuga ko kubera izo mvo ishirahamwe OMS rikwiye kubibazwa.

Trump atangaza ko yafashe iyo ngingo naho bamwe muri Reta yiwe bagerageje kumubuza kutayifata, cane cane abahanuzi biwe mu vyerekeye amagara y’abantu.

Amerika ni yo itanga intererano ikomeye cane mw’ishirahamwe OMS, hafi y’ibice 15 kw’ijana vy’amafaranga iryo shirahamwe rikoresha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG