Uko wahagera

Afuganistani: Nta Mukobwa Azokwiga kw'Ishure Ririmwo Abahungu


Bamwe mu bapfasoni bo muri Afuganistani mu myiyerekano.
Bamwe mu bapfasoni bo muri Afuganistani mu myiyerekano.

Abatalibani batangaje ko abapfasoni n’abakobwa batazokwemererwa kwiga ku mashure arimwo abahungu. Abdul Baqi Haqqani aramutswa vy’imfatakibanza ubushikiranganji bw’inyigisho yavuze ko kwigana kw’abakobwa n’abahungu binyuranye n’imyemerere y’idini rya Isiramu n’imico ya Afuganistani. Yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru i Kabul ku murwa mukuru wa Afuganistani.

Uwo mutegetsi yatomoye ko ata mugabo azokwemererwa kwigisha abagore. Ku kibazo co kumenya ko abigisha b’abagore bakwiye yavuze ko ata nkeka amashure yose y’abakobwa n’abagore azoronka abarimu bakwiye, ariko ko ni yo baba bake, bazokwikora ku bagabo, habanje gusuzumwa ko “ata mategeko ya Kisiramu bahonyanze.”

Yagize ati: “ Bazokwigisha banyegejwe inyuma y’amarido, canke bakoreshe za videwo n’ubundi buryo bwotuma batabona imbonankubone abanyeshure babo.” Muri ico kiganiro, Haqqani yabandanije asigura ko Afuganistani yipfuza gukomeza intambwe ishimishije yemeza ko yateye mu gisata c’indero mu mayaka 20 iheze.

Abatalibani bagitangura gutegeka Afuganistani kuva mu 1996 gushika mu 2001, agateka ka zina muntu na cane cane ak’abapfasoni karahonyanzwe cane ku buryo amakungu yaciye aharira ivomo ico gihugu.

Tumwe mu turorero turimwo ko batari bemerewe kuva mu mihana yabo badafise umugabo/umuhungu abaherekeje, ntibari kandi bemerewe kwiga. Kuva mu kwezi guheze aho bagaruka ku butegetsi bavuga ko bazokwubahiriza agateka k’abapfasoni, bakabareka bakiga kandi bagakora. Mu ndwi iheze yamara bashinze Reta itagiramwo umupfasoni n’umwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG