Igitero c’intangondwa za Kiyislamu mu gihugu ca Afuganistani, kimaze guhitana imbohe 21, ntikiraturura.
Umwe mu bategetsi bo muri Afuganistani yatangaje ko ico gitero cakozwe kw’ibohero riri mu buseruko bw’igihugu ca Afuganistani mw’ijoro ry’ejo ku musi wa mungu kitararangira.
Abandi bantu 43 bakomerekeye muri ico gitero catanguye igihe umwiyahuzi wo muri uyo murwi yaseka imodoka yuzuyemwo ibibombe ku rugi rw’iryo bohero.
Abarwanyi b’uyo murwi baciye batangura kurasa ku bajejwe gucungera iryo bohero riri ku murwa mukuru w’intara ya Nangarhar, uri ku birometero 70 vy’umurwa mukuru Kabul.
Batatu muri uyo murwi w’intagondwa, basize ubuzima muri iyo ngwano yari ikibandanya uyu musi ku wa mbere, aho inkoho zibandanya kwumvikana mu micungararo y’iryo bohero.
Facebook Forum