Uko wahagera

Abasirikare b'Uburusiya Bahejeje Imyimenyerezo Barimwo ku Rububi na Ukraine


Uburusiya bwategetse abasirikare babwo gusubira mu makambi inyuma y’igihe bari baze bakora y'imyimenyerezo ku rubibe na Ukraine.

Abategetsi b’Uburusiya bavuga ko ivyo bitangira kuri uyu musi wa gatanu, kuko abo basirikare barangije neza imyiyemenyerezo barimwo.

Itangazwa ry’iyo ngingo ryatumye agaciro k’ifaranga ry’igihugu, rouble kaduga bikomeye. Ni inyuma y’icuka kibi hagati y’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ku ngingo y’ico gihugu yo kurungika igitigiri kinini cane c’inteko zaco hafi y’urubibe n’igihugu ca Ukraine.

Umutegetsi mukuru aserukira umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya yatangaje ku musi wa mbere ko Uburusiya bwari bakoranije inteko zigera ku 100,000 hafi y’urubibe na Ukraine.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shoigu, amenyesha ko yemera ko imigambi bari bishinze bayishitseko. Atangaza ko inteko zerekanye ubushobozi bwazo ku bijanye n’ugukingira igihugu.

Yamara yatangaje ko igisirikare c’igihugu ciwe gitegerezwa kwama citeguye kugira cishure mu buryo bwihuta mu gihe bikenewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG