Uko wahagera

Abasirikare muri Myanmar Bahagaritse Ikoreshwa rya Facebook


Bamwe mu banyagihugu ba Myanmar bagerageza kugurura urubuga rwa Facebook
Bamwe mu banyagihugu ba Myanmar bagerageza kugurura urubuga rwa Facebook

Abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Myanmar bahagaritse ikoreshwa ry'urubuga rwa Facebook. Mw’itangazo umushikiranganji ajejwe ihanahana ry’amakuru yasohoye, yavuze ko urwo rubuga rukoreshwa n’abatari bake muri ico gihugu rwugawe gushika ku munsi w’Imana. Yasiguye ko ari mu ntumbero yo gukomeza umutekano.

Sosiyete Telenor Myanmar iri mu zikomeye zidandaza amaterefone muri ico gihugu yemeje ko yahawe itegeko ryo kuzibira ikoreshwa rya Facebook. Iyo sosiyete yashimangiye yamara ko ibi binyuranye n’amategeko. Urubuga nyamerika Facebook narwo rwasavye abasoda batembagaje ubutegetsi, gusubira kugurura urwo rubuga abanyagihugu bagashobora kuvugana n’imiryango yabo hamwe n’abagenzi, kandi bakaronka amakuru.

Urubuga rwa Facebook ni rwo rukoreshwa na benshi ugereranije n’izindi mbuga ngurukanabumenyi zikoreshwa muri Myanmar. Abanyagihugu biyamiriza ihirikwa ry’ubutegetsi bararwifashishije bacishako amasanamu y’ikibiriraho ku myiyerekano yo kwiyamiriza iyo kudeta, irimwo iyo bakora mw’ijoro bavuza amahoni y’amamodoka.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres nawe yavuze ko iryo shirahamwe mpuzamakungu rigiye gukora ibishoboka vyose kugira iryo tembagazwa ry’ubutegetsi yavuze ko atawokwihanganira riburizwemwo. Abasirikare muri Myanamar batangaje ko batembagaje ubutegetsi ku munsi wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG