Uko wahagera

Abanyamahanga Bakomeje Guhohoterwa muri Afurika y'Epfo


Imwe mu miduga yatuririwe mu mvururu z'Abanyafurika y'Epfo banka abanyamahanga
Imwe mu miduga yatuririwe mu mvururu z'Abanyafurika y'Epfo banka abanyamahanga

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko abimukira n’impunzi bagera ku 1500 bataye baromoka muri Afurika y’Epfo muri kuno kwezi kwa cenda bahunga ihohoterwa rikorerwa abanyamahanga muri ico gihugu.

ONU yemeza ko abasize ubuzima mu ruhagarara ruriko ruterwa n’Abanyafurika y’Epfo banka abanyamahanga bagera kuri 12, amaduka atari make agwiriyemwo ayo abakomoka muri Nijeriya nayo arabomagurwa mu kiringo kiri munsi y’ukwezi.

Mu kiganiro umuvugizi w’ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR, Charlie Yaxley, yahaye abamenyeshamakuru i Geneve mu buswisse yasiguye ko bamwe muri abo bimukira bagwiriyemwo abaturuka muri Mozambique, Malawi na Zimbabwe babwiye ONU ko bipfuza kwisubirira iwabo kuko umutekano wabo atako wifashe.

HCR ivuga ko iguma ironka amaterefone y’abanyamahanga bakomeje kuvuga ko bariko barahohoterwa, barasamburirwa utwabo ndetse n’abapfasoni bafatwa ku nguvu. Abenshi mu bakora urudandazwa ntibagitinyuka kugurura amaduka yabo yari asanzwe ababeshejeho nkuko HRC ibandanya ibivuga.

Mu itangazo HCR yasohoye, yateye ivyatsi yivuye inyuma iryo hohoterwa yongera isaba Reta ya Afurika y’Epfo gufata mu minwe ico kibazo igashengeza abagirwa n’ivyaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG