Uko wahagera

Abakozi ba ONATEL Basaba Umushahara w'Amezi Ane Baheraniwe


Ikimenyetso ca ONATEL
Ikimenyetso ca ONATEL

Abakozi b’ishirahamwe rya reta ONATEL rijejwe gutumanatumanako amakuru bazindutse bahagarika akazi kuri uyu wa gatatu. Bishuza amafranga y’umushahara w’amezi 4 bavuga ko batarahembwa. Umuyobozi w’iryo shirahamwe ahamagarira abakozi kugwiza umwimbu kugira baronke uwo mushahara. Iryo shirahamwe riravugwamwo kandi ubunyonyezi nk'uko biheruka gushikirizwa n'umukuru w'igihugu.

Abakozi bose b'iryo shirahamwe rya Retab bavuze kandi ko badatangirwa intererano yo kwivuza muri Mutuelle de la Fonction Publique hamwe n’intererano yo kubategekaniriza kazoza. Ubuyobozi bw’ishirahamwe ONATEL bwahamagaye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko. Ico gipolisi kimaze gushika mu kigo kiri mu gisagara ca Bujumbura, amakuru twahawe n’abakozi yemeza ko cabatwaye mu kazi ku nguvu, ndetse kigakoresha n’ivyotsi bikoroza amosozi mu kubashwiragiza. Gutyo, ihagarikwa ry’akazi rimara igice c’umunsi. Yamara, bemereye Ijwi rya Amerika ko n’aho bajanywe ku buzi ku nguvu, bataranguye imirimo yabo neza.

Umuyobozi w’iryo shirahamwe rya reta ONATEL yahavuye abagirisha inama. Kabeba Privat yemereye Ijwi rya Amerika ko abakozi ba ONATEL bamaze igihe badahembwa kubera ikibazo gikomeye c’uburyo. Abahamagarira kugwiza umwimbu kugira basubire guhembwa neza.

Ubushikiranganji bujejwe kumenyeshamakuru ari na bwo ONATEL rikukira, bwatangaje ko bwatanze intumbero akatari gake kugira ibibazo bivugwa muri iryo shirahamwe bikemuke. Umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere, yabivuze kuri uyu wa kabiri, aho yariko arashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi 6 aheze. ONATEL ni ryo shirahamwe rimwe ryonyene rya Reta rijejwe igisata co gutumanatumanako amakuru.

Umukuru w’igihugu, mu kwezi guheze, wewe yari yagabishije abatwara iryo shirahamwe, mu nama yahuje abakozi ba reta n’amasendika, ko ONATEL rivugwamwo ubunyonyezi n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta arenga imiliyaridi 500 y’amarundi. Yarishize hamwe na REGIDESO ritanga amatara n’amazi.

ONATEL ryavutse mu mwaka w’1979. Ririmwo abakozi barenga 1000. Gushika mu myaka y’2000, ryari rihari ryonyene atabigenga barashira imitahe muri ico gisata. Umukuru w’igihugu atangazwa n’ingene ridatera imbere ngo rirengane n’abikorera utwabo kandi reta irishiramwo uburyo burengeye ubw’abigenga.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Imyidogo y'Abakozi ba ONATEL Bamaze Amezi 4 Badahembwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:47 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG