Abashingwamanza ba Bosco Ntaganda batangaje uno musi ku wa gatanu ko bazokwunguruza urubanza ku myaka y’umunyororo 30 yaciriwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaciriye Ntaganda ku musi wa kane igihano kirekire gishoboka gushika ku myaka 30 mu munyororo ku vyaha vyo mu ntambara n’ivyaha bityoza agateka ka muntu yagirijwe ko yakoreye mu buraruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.
Abamuburanira bavuga ko ingingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha irimwo amahinyu atari make. Vyinshi mu vyaha Ntaganda yagirijwe bifitaniye isano n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwakozwe n’abarwanyi biwe ku banyagihugu.
Ntaganda abaye umuntu agira kane yagiwe n’ivyaha muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuva iyo sentare ishizweho mu mwaka w’i 2002 kugira icire imanza abantu bagirizwa ivyaha bikomeye cane.
Igihano ca Ntaganda kibonwa ko ari intsinzi ikomeye kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha inyuma yuko abantu batari bake bagirizwa ivyaha bikomeye babandanya kwidegemvya.
Iyo sentare yaranebaguwe kandi ko abantu bikekwa icira imanza ahanini ari abanyafrika.
Facebook Forum