Uko wahagera

SADC Igiye Kuvana Ingabo Zayo Zose muri Kongo


Ishirahamwe rijejwe iterambere n’ubutunzi mu karere ko muri Afurika y’ubumanuko, SADC, ryafashe ingingo yo kuvana muri Kongo inteko z’ibihugu 16 birigize.

Ingingo yo kuvana ingabo za SADC zizwi kw’izina rya SAMIDRC, yafatiwe mu nama yahuje indongozi z’uwo muryango biciye ku buhinga bwa none.

Itangazo uwo muryango wa sohoye inyuma y’iyo nama, rivuga ko ibikorwa vyo kuvana ingabo za SAMIDRC bica bitangura.

Ingabo za SADC zari zagiye muri Kongo mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2023, kugira zifashe reta ya Kongo kugarukana amahoro. Kongo nayo ni umunyamuryango wa SADC.

SADC ivuga ko kuva mu kwezi kwa mbere k’uno mwaka, abasirikare bo mu bihugu biyigize, bamaze kurwa muri Kongo, barenga 20. Aba, barimwo 14 ba Afurika y’Epfo.

SADC ntitomora igitigiri c’ingabo zayo zari muri Kongo. Igihugu carungitse benshi ariko, ni Afurika y’Epfo yarungitse n’imiburiburi 1000.

Yugurura inama y’uno wa kane yafatiwemwo ingingo yo kuvana abasirikare ba SADC muri Kongo, Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa, atwara uwo muryango, yavuze ko inyishu y’intambara ya Kongo ibwirizwa kuboneka vuba, kuko “ ishobora gutandukira ibihugu bihana imbibe nayo.”

Munangagwa yagize ati: “ Ibiganiro atawo bikumira birakenewe vyihuta. Igikorwa co kurimbura niba vyari bikenewe ko ingabo za SAMIDRC ziva muri Kongo, kibaye hageze.”

Forum

XS
SM
MD
LG