Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi acuye igihe, Olaf Scholz, yiyamirije ingingo yo kuduza amatagisi ku bidandazwa biturutse hanze y’igihugu za Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari mu gisagara ca Berlin, Olaf Scholz yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya rishira imbere imigambi yo kugabanya inzitizi ku budandaji mu makungu.
Ari kumwe n’umukuru w’inama nkuru y’umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya, Antonio Costa, Olaf Scholz yashimikiye ku kamaro ko gukuraho inzitizi ku bidandazwa hagati y’ibihugu. Yasiguye ko inginzo za Amerika zo kuduza amatagisi ku bidandazwa biturutse hanze y’igihugu, zidatumbereye, kandi ata kamaro zifise.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya rizokwishura mu buryo bwihuta kandi bukwiriye ku matagisi Amerika izoba idugije ku bidanadazwa biturutse muri iryo shirahamwe. Yongeyeko ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya ryagaragaje neza aho rihagaze kuri ico kibazo. (AFP)
Forum