Uko wahagera

Abashikiranganji b’Imigenderanire muri G7 Bazoganira Kuri Ukraine


Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine anyura imbere y'amabendera y'ibihugu bigize ihuriro rya G7 ribarizwamo ibihugu bikize kurusha ibindi ku Isi hari mu mujyi wa Savelletri mu Butaliyani taliki 13/6/ 2024.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine anyura imbere y'amabendera y'ibihugu bigize ihuriro rya G7 ribarizwamo ibihugu bikize kurusha ibindi ku Isi hari mu mujyi wa Savelletri mu Butaliyani taliki 13/6/ 2024.

Bitegekanijwe ko abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ibihugu bigize umurwi G7 w'ibihugu bitunze kurusha ibindi kw'isi, baganira ivyerekeye Ukraine mu gisagara ca Quebec muri Kanada.

Mu nama bazogira, harimwo iyizoshimikira ku migambi yo gushigikira Ukraine mu rugamba ico gihugu kirimwo rwo kwivuna ibitero vy’Uburusiya bimaze imyaka.

Ivyo biganiro bizoba bibaye inyuma y’ingingo ya Amerika yo gusubira guha igihugu ca Ukraine, amakuru yerekeye iperereza n’umutekano. Ni inyuma y’uko abategetsi b’ibihugu vyompi bahuye mu biganiro i Jeddah, mu gihugu ca Arabiya Sawudite.

Inyuma y’amasaha agera ku munani y’ibiganiro, Ukraine yatangaje kuwa kabiri ko yiteguriye kwemera agahengwe k’imisi 30, mu ngwano hagati yayo n’Uburusiya, nk’uko biri mu mugambi wateguwe na reta ya Amerika, mu gihe n’Uburusiya bwovyemera.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Olaf Scholz, yakiye neza iciyumviro cerekeye ako gahengwe k’imisi 30. Mu butumwa ku rubuga X kuri uyu wa gatatu, yavuze ko yoba ari intambwe ikomeye kandi y’ukuri mu ntumbero yo gushika ku mahoro nyakuri muri Ukraine.

Umuvugizi wa Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, kuri uyu wa gatatu, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburusiya bwari burindiye ko Amerika ibucira ku mayange ku vyerekeye ico ciyumviro.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio, kuri uyu wa kabiri, yabwiye abamenyeshamakuru ko Ukraine yagize intambwe ziboneka ku vyerekeye guhagarika ingwano. Yasiguye ko afise akizero ko Uburusiya buzokwemera iciyumviro cerekeye amahoro. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG