Uko wahagera

Burundi: Bamwe mu Mpunzi z'Abanyekongo Banse Kujanwa mu Nkambi


Impunzi z'Abanyekongo zahunze intambara mu ntara za Kivu zompi
Impunzi z'Abanyekongo zahunze intambara mu ntara za Kivu zompi

Abakongomani bagera ku 1800 ku barenga 43000 bahungiye ku murwa mukuru w’ intara ya Cibitoke, ni bo bamaze kwemera kujanwa kure y’ umupaka w’ igihugu bahunze, bavamwo. Bishikirizwa n’ ishami rya ONU rijejwe impunzi mu Burundi. Abakozi baryo bavuga ko inyuma yo gukora intonde z’ abo bahunze, hazofatwa izindi ngingo.

Abo Bakongomani bahungiye ku murwa mukru w’ intara ya Cibitoke iri mu buraruko bushira uburengero bw’ Uburundi kuva kw’ igenekerezo rya 12 ukwezi kwa kabiri guheze, ntibariko baratahura ingene batariko bararonswa ivyo impunzi zitegekanirijwe. Bababazwa n’ingene kuva bashitse mu buhungiro bafungurirwa rimwe ku musi.

Umwe muri izo mpunzi agira ati: “Kuva dushika ngaha haraheze hafi ukwezi, ntiturahabwa imfashanyo. Duhabwa ibifungurwa bitetse gusa. Ivyo na vyo ntibikwiye, twipfuza guhabwa ivyategekanijwe kugira umwe wese yitunganye uko abishaka. Iyo, imvura iguye, turanyagirwa, na cane cane abatararonswa amahema. Abayaronse na bo bahawe matomato adakwiye umuryango.”

Ikindi izo mpunzi z’ Abakongomani, zigira zikwize ukwezi mu Rugombo ku murwa mukuru w’ intara ya Cibitoke, zishikiriza n’ ingorane zo kwivuza. Zivuga ko abajejwe kubabungabungira amagara, bakora ikiringo gito ku musi.

Abo Bakongomani bavuga ko imwe mu ngorane bafise ijanye no kwipfuza. Undi mu bakongomani bahunze intambara yagize ati: “turashima ko twubakiwe ivuriro kandi rya kijambere, ariko hari agahaze kuko abakora kuri iryo vuriro bakira abantu kuva isaha zine gushika isaha icenda. Aho rero abakikwa n’ amagara mu masaha y’ ijoro nk’ abakenyezi bashaka kwibaruka, bica bibagora.”

Eka n’ abakiriwe ahitwa Makombe muri komine n’ intara ya Rumonge bagera ku 1380, na bo nyene basaba kuronswa imfashanyo zikwiye, bakavuga ko bahabwa intica ntikize.

Ivyo biri uko mu gihe kuva izo mpunzi zitanguye gushika ku butaka bw’ Uburundi zihunga intambara, reta ya Gitega yabakiriye ibicishije ku

mushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’ umutekano, yari yemeye gufasha abo babanyi bari mu bihe bitoroshe.

Yamara umushikiranganji Martin Niteretse yari yatangaje ko izo mpunzi zategerezwa kwigizwa kure y’ igihugu zahunze zivamwo, mu ntumbero yo gucungera umutekano wazo, hisunzwe amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.

Naho biri uko, abari mu kibanza begeranirijwemwo i Makombe muri komine Rumonge y’ intara ya Rumonge, basaba kwungururizwa mw’ ikambi y’ impunzi. Abegeranirijwe mu Rugombo mu ntara ya Cibitoke, ntiberekwa kujanwa aho bateguriwe mu ntara za Mwaro na Rutana.

Basaba kugumizwa mu Cibitoke mu kurindira ko umutekano ugaruka mu buseruko bw’ igihugu cabo, nk’ uko uno mukenyezi yahunze abivuga: “yaba uwushaka canke uwudashaka, bashaka kuburiza ama Kamyo kugira babatware ku nguvu mu Rutana. Ivyo ntibibaho kuko n’ Abarundi barahungiye iwacu ariko ntawabatwaye mw’ ikambi ku nguvu. Ni batureke uwusahaka agende, uwudashaka bamureke. Ni vyo dusaba".

Ubugenduzi bw’ikigo kijejwe kwakira impuzi mu Burundi OMPRA co kimwe n’ uwuhagarariye ishami rya ONU rijejwe impunzi mu Burundi, bubicishije ku bakozi babo bakorera ahashikiye izo mpunzi, nta vyinshi bashima kubwira abamenyeshamakuru. Bavuga ariko ko hazofatwa ingingo ntabanduka ku bijanye n’igikorwa co kwandika imyidondoro yabo.

Kuva kw’ igenekerezo rya 28 ukwezi kwa kabiri uno mwaka wa 2025, Abakongomani bagera ku 1836 ni bo bamaze kujanwa mw’ i kambi y’ impunzi y’ i Musenyi, mu ntara ya Rutana, iri mu bumanuko bw’ Uburundi. Ni mu gihe abasigaye ku murwa mukuru w’ intara ya Cibitoke bagera ku bihumbi 43 700.

Forum

XS
SM
MD
LG