Reta ya Amerika yategetse abakozi bayo badakenewe mu buryo bwihutirwa kuva muri Sudani yo mu bumanuko. Ni mu gihe icuka kibi gitera ciyongera kubera intambara iriko ibera mu buraruko bw'igihugu.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika buvuga ko bwafashe iyo ngingo ku mvo z’uko ingwano itracureka mu buraruko bwa Sudani yo mu bumanuko, kandi abanyagihugu bariko bahabwa ibirwanisho.
Abantu bitwaje ibirwanisho bararwanye n’igisirikare ca reta ku musi wa kabiri w’indwi irangiye. Vyatumye reta ihagarika abashikiranganji babiri n’icegera c’umukuru w’igisirikare bashigikiye icegera ca Prezida, Riek Machar, yahoze arwanya ubutegetsi.
Inzu yiwe yarakikujwe n’igisirikare mu gihe abamushigikiye bavuga ko ihagarikwa ry’abakorana na Machar rigeramiye amasezerano y’amahoro mu gihugu.
Ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, igitero cakozwe ku ndege ya kajugujugu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu buraruko bwa Sudani yo mu bumanuko, vyarerekanye ko umutekano utera uhungabana kurushiriza.
Ishirahamwe ONU ryatangaje ko ico gitero kibonwa nk’icaha co mu ntambara. Urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu muri Sudani yo mu bumanuko, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, rwavuze ko uruhagarara rurangwa mu buraruko bw’igihugu n’icuka kibi ku murwa mukuru Juba, bishobora gutuma amasezerano y’amahoro muri Sudani yo mu bumanuko asambuka. (AP)
Forum